Amerika iremeza ko Syria ifise ibirwanisho vy'ubumara

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 19:16 GMT

Leon Panetta

Umushikiranganji wo kwivun'abansi wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Leon Panetta avuga kw'ubutegetsi bw'igihugu ciwe bufise ibimenyetso simusiga ko leta ya Syria iriko irashaka gukoresha ibirwanisho vy'ubumara.

Bwana Panetta yagaragaje izo mpungenge inyuma y'abandi bategetsi ba Amerika, ariko ntiyadomye urutoke kur'ivyo bimenyetso.

Mbere, icegera c' umushikiranganji w'imigenderanire wa Syria Faisal Mekdad, yagirije ibihugu vya Bulaya ko bidumisha ko Syria ifise ibirwanisho vy'ubumara kugira bibone uburyo bwo kuvogera ico gihugu

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.