Ghana biriwe mu matora y'umukuru w'iguhugu

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 18:54 GMT
ghana_elections

abatonze ngo batore

Muri Ghana abanyagihugu kuri uyu wa gatanu bari bazindutse ari benshi bitaba amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka.

Mu bibanza bimwe bimwe vy'amatora, gutora vyatanguye bitevye, ariko muri rusangi amatora yagenze neza kandi mu mahoro.

Bwari ubwa mbere batora ku bunhinga bwa none bita biometric aho uwutora basuzuma umwidondoro wiwe bakoresheje amakanda y'intoke.

bati umuhini mushasha utera amabavu, ubwo buhinga bwatumye mu bibanza bitari bike amatora ateba gutangura ahandi arahagarara maze arangira nyuma y'igihe cari gitegekanijwe.

Abakurikirana ayo matora biteze ko haba ihiganwa rikomeye hagati y'umukuru w'igihugu yari ahasanzwe John Drami Mahama n'uwurongoye abo batavuga rumwe Nana Akufo-Addo.

Se wiwe akaba ariwe yatwaye Ghana mu myaka y'i 1970.

Umukuru w'igihugu Mahama ariko ararondera ikiringo ciwe ca mbere gikiwiye inyuma yo kuja ku butegetsi mu kwezi kw'indwi asubiriye John Atta Mills amaze kwitaba imana.

Ivyavuye mu matora bizomemenyekana kuri uyu wa mungu.

Ghana gifatwa nk'akarorero ka demokrasi muri Africa hamwe n'ubutunzi bwiyongera cane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.