Amatora muri Ghana arabandanya uno munsi

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 10:32 GMT
Gutora muri Ghana

Gutora muri Ghana

Amatora y'umukuru w'igihugu n'abashingamateka muri Ghana yatandukiriye umunsi ugira kabiri kubera ibibazo vy'ubuhinga mu bice bimwe bimwe.

Ingorane z'ubuhinga mu buryo bushasha bwo gutora bakoresheje imashini, zatumye abantu benshi badashobora gutora ejo kuwa gatanu.

Ubwo buryo bushasha bwo gutora bukenera amakanda y'intoki y'abatora.

Ntivyamenyekanye neza ibiro vy'amatora vyagize ikibazo ejo uko bingana, ariko abahagarariye amatora muri Ghana bavuga ko ata kibazo kigagara cigeze kiba.

Ivyavuye mu matora vyari vyitezwe ejo kuwa Mungu, ariko ntibizwi nimba ico kiringo kizokurikizwa canke nimba kizongerwa.

Vyitezwe ko haba uguhiganwa gukomeye hagati ya babiri bakomeye mu bitoza, umukuru w'igihugu yahahora John Dramini Mahama, n'uwutavuga rumwe na leta Nana Akufo-Addo.

Bishoboka ko haba ingunga ya kabiri y'amatora ku tariki 28 z'uku kwezi mu gihe atawokwiza amajwi akenewe ngo atsinde ubwa mbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.