Abarundi ba nyuma batahutse bava Tanzania

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 13:58 GMT
Burundi map

Nta kambi y'impunzi z'abarundi isigaye muri Tanzania

Abarundi barenga amajana 9 batashe mu Burundi bava mw'ikambi ya Mtabila muri Tanzania , bakaba aribo barundi ba nyuma bari bakiri impunzi muri ico gihugu kuva abarundi batanguye guhunguka ku bwinshi mu 2003.

Harangiye kahise k'imyaka irenga 40 k'impunzi z'abarundi muri Tanzania.

Abarundi batanguye guhungira muri Tanzania mu 1972 igihe haba intureka y'ubwicanyi bwa mbere bukomeye bw'amoko mu Burundi.

Abandi benshi bahungiyeyo kuva mu 1993 inyuma y'igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye n'intureka hamwe n'intambara yaciye ikurikira.

Intambara yatanguye gucureha mu 2003 umuhari CNDD FDD umaze gushira umukono ku mazezerano yo guhagarika intambara na leta yari ihari , abarundi baca batangura gutahuka.

Abo banyuma batahutse bari bagize umugwi w'ibihumbi 37 bari basigaye bavuga ko batumva ko batekaniwe no gutahuka.

Ariko leta ya Tanzanzania n'iahami rya ONU riraba impunzi HCR rirabumvisha ko ata mpamvu bagifise yo kuguma bitwa impunzi baca babaha kuva mu kwezi kw'indwi gushika mu mpera z'uyu mwaka kugira babe batashe.

Bashikira mw'ikambi y'imfatakibanza mu ntara ya Makamba, mu nyuma umwe umwe wese agaca aja mu ntara avukamwo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.