Mandela ariko aravurwa amahaha

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 12:54 GMT
Mandela

Mandela afise imyaka 94 y'amavuko

Ibiro vy'umukuru w'igihugu muri nAfrica y'Epfo vyamenyesheje ko Nelson Mandela ariko aravurwa indwara yamufashe mu mahaha akajanwa mu bitaro ku munsi wa mungu uheze.

Niyo nkuru ya mbere itanzwe ku magara y'uwo yahoze ari umukuru w'igihugu ca Africa y'epfo kuva asubiye kwinjira ibitaro.

Nelson Mandela bakunze kwita 'Madiba' muri Africa y'epfo afise imyaka 94 y'amavuko.

Bivugwa ariko arafata imiti neza ,leta igasaba abanyagihugu 'kudatwarwa n'ubwoba'.

Ariko naho iyo nkuru yatanzwe, kuba ata vyinshi vyavuzwe ku buryuo amagara ya Mandela yifashwe muri rusangi ntibireka gutuma abantu biyumvira canke bibaza vyinshi.

Mu myaka ibiri iheze, imitima yari yahagaze igihe yinjizwa ibitaro afise ingorane zo guhema ariko mu nyuma aravugwa arakira.

Mandela yarigeze kuvugwa indwara y'igituntu igihe yari akiri mw'ibohero rya Robben Island.

Mandela yabaye umukuru w'igihugu a mbere w'umwirabure wa Africa y'epfo mu 1994 nyuma yo kuva mu munyororo yari amazemwo imyaka 27 kubera kugwanira ukwishira n'ukwizana kw'abirabure muri ico gihugu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.