Igisasu kinini caturikiye Eastleigh muri Kenya

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 20:55 GMT
Uwakomerekejwe n'igisasu i Nairobi mu ntango z'ukwezi

Uwakomerekejwe n'igisasu i Nairobi mu ntango z'ukwezi

Igipolisi muri Somalia kivuga ko igisasu amahanga caturikiye mu gice ca Nairobi gituwe n'abanye Somalia benshi.

Icatumye ico gisasu giturikira Eastleigh ntikiramenyeka, kandi ntibiramenyekana nimba hari abo cahitanye.

Ico gice c'umuji caraturikiyemwo grenade zibiri mu kwezi guheze, zihitana abantu batandatu.

Kenya yagiriza umugwi al-Shabab ukorana na al-Qaeda kuba uriko uragerageza guhungabanya igihugu.

Letevision Citizen TV yavuze ko ico gisasu caturikiye kw'ibarabara rya Muratina muri Eastleigh.

Nayo televions ya Kenya KTN TV yavuze ko ibintu biturika vyaterewe mu kabare kari hafi y'umusigiti, ariko ivyo ntibiremezwa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.