CPI yejeje Mathieu Ngudjolo, yari umukuru w'abarwanyi muri Kongo

Ibiherutse kuvugururwa: 18 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 12:40 GMT
Mathieu Ngujolo

Mathieu Ngujolo

Sentare mpuzamakungu mpanavya y'i La Haye, yejeje uwahoze ari umukuru w'abarwanyi muri Kongo, Mathieu Ngudjolo, ku vyaha vyo mu ntambara yaregwa.

Abacamanza bavuze ko ivyabona ngenderwako bitashobora kwizerwa, ngo kandi abashinjacaha barananiwe kwerekana ko abasirikare ba bwana Ngujolo bagandaguye abantu 200 mu buraruko bushira ubuseruko bwa republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo mu 2003.

Ababibonye bavuga ko abo bishiwe mu kigwati ca Bogoro baturiwe ari bazima, inzoya zisekwa ku mpome, abagore nabo basambanywa ku nguvu.

Bwana Ngudjolo ubu yagumijwe mw'ibohera mu gihe birindiriwe ko ubushinjacaha bwunguruza, akaba avuga ko yumvise amakuru y'ivyo bitero vyaramaze kuba.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko abahohotewe bataronse ubutungane kubera iyo ngingo ya sentare, ngo mu gihe ico gitero casambuye ikigwati gikomeye mu karere ka Ituri gafise ubutunzi bwinshi bw'ubutare.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.