Kenya:abantu 39 bishwe muri Tana River

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa cumi na kabiri, 2012 - 14:41 GMT

Amazu yaturiwe Tana River 12/09/2012

Igipolisi ca Kenya kimenyesha ko abantu 39 aribo baguye mu gitero hagati y'abo mu bwoko bw'aba Pokomo n'aba Orma mu gace ko mu ntara ya Tana Delta.

Ico gitero cakozwe n'abantu bitwaje imipanga n'ibindi birwanisho, amazu araturirwa.

Haciye harungikwa abajejwe umutekano mur'ako gace kari kabayemwo igitero nk'iki mu kwezi k'umunani, cahitanye abarenga 100.

Abenshi mu bishwe birakekwa ko ar'aborozi bo mu bwoko bw'aba Orma, bakunze gutana mu mitwe n'abarimyi bo mu bwoko bw'aba Pokomo, bapfa amazi n'inzuri.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari muri Kenya avuga ko igitero ca n'ijoro gisa n'igifise imvo za politike.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.