Icemezo ca Amerika caguye neza amasoko y'imigabane

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa mbere, 2013 - 14:42 GMT

Obama, Biden

Inyuma y'itegeko ryaraye ryemejwe muri Amerika ritangiriza ingingo zo kuduza ama taxes cane no kugabanya amafarangfa leta ikoresha, amasoko yo hanze yaguwe neza.

Imigabane ku masoko ya hano Londres yaduze ko ibice 2%, nk'uko vyari ku masoko ya Buraya.

Imbere y'aho, agaciro k'imigabane kari kaduze no ku masoko ya Aziya, kandi abihweza ibintu biteze ko ariko bigenda Wall Street muri Amerika.

Ariko perezida Obama avuga ko hari vyinshi bisigaye gukorwa mu gutsimbataza ubutunzi bwa Amerika, kandi ngo yiteguye kumvikana n'abandi mu biganiro bikurikira.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.