Syria:Intambara imaze guhitana 60 000

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa mbere, 2013 - 15:35 GMT

Igitero ca Damas

Abaharanira amahinduka muri Syria bavuga kw'igitero cagabwe n'indege mu karere ka Mleiha ku nkengera za Damas, agace mu bisanzwe kazwi ko katagramwo abarwanya ubutegetsi.

Ico gitero cahitanye abantu 75 barimwo abana n'abagore.

Abaharanira amahinduka muri Syria bavuga kw'abandi bantu 40 baguye mu bitero bindi nk'ico mu muji wa Damas, harimwo icagabwe kw'ihinguriro ry'imikate aho banatu bari batonze kugura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ritangaza igitigiri c'abamaze kurwa mu ntambara ya Syria ko kija kirenga 60 000.

Uwujejwe agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe ONU Navi Pillay, avuga kw'ivyo biharuro bishingiye kw'itohozw aryakozwe mu kiringo c'amezi atanu, habajijwe impande indwi zitandukanye.

Ibi bitigiri birenze ivyavurwa n'abarwanya leta ya Assad baharura ko hishwe 45000

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.