Rwanda:1400 batorotse ibihano vya TIG

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa mbere, 2013 - 18:19 GMT

Urwibutso rwa jenoside rwa Bisesero mu 1999

Ubuyobozi bw'amabohero n'abanyororo mu Rwanda bumaze gushikiriza igipolisi imyirondoro y'abantu bagera ku 1440 bagiye toroka ibihano nsimburagipfungo mu kiringo c'imyaka indwi.

Aba bantu batorotse bava mu mihingo itandukanye y'igihugu aho bari basanzwe bakorera ibikorwa vyabo hanze y'amabohero, muri gahunda yo kurangiza ibihano.

Komiseri ashinzwe abakozi muri urwo rwego, bwana Anastase Nabahire aremeza ko hari abagera kw'ijana bamaze kugarurwa bagasubizwa mu mabohero, ku bufatanye bw'igiporisi.

Abatorotse kugez'ubu batazwi irengero, imyirondoro yabo iracari mu minwe y'igipolisi kugira gikomeze kubahiga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.