Burundi:Ruvakuki yakatiwe imyaka itatu

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa mbere, 2013 - 12:31 GMT

Umunyamakuru wa BOnesha Hassan Ruvakuki

Umunyamakuru wa radio Bonesha FM Hassan Ruvakuki, yakorera na Radio y'abafaransa RFI, yari yakatiwe gupfungwa ubuzima bwose yagirizwa iterabwoba.

Urwo rubanza rwari rurindiriwe cane mu muryango w’abamenyeshamakuru, benshi mbere bari bagiye I Gitega kumviriza urwo rubanza.

Muri iyo ntahe y’icese y’uno munsi yamaze umwanya muto cane, Sentare isubiramwo imanza ya Gitega yasanze Hassan Ruvakuki ata caha co gukorana n’imigwi y’iterabwoba kimwagira.

Iyo sentare ivuga ko Ruvakuki yagiriwe n’icaha co kwifatanya n’umugwi w’inkozi z'ikibi ufise intumbero yo kuzimanganya ubuzima bw’abanyagihugu, ica imucira gufungwa imyaka itatu.

Uwurongoye urunani rw’ abamenyeshamakuru Alexandre Niyungeko avuga ko Hassan Ruvakuki nta caha na kimwe kimwagira yari akwiye kwezwa

Abashingwamanza bakaba biteguye kunguruza urubanza muri sentare ntahinyuzwa.

Umushikirizamanza wa sentare isubiramwo imanza ya Gitega, yari yasabiye mu kwezi kw’icumi umwaka uheze, umumenyeshamakuru Hassan Ruvukuki igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose asaba ko yokwemeza igihano cari cafashwe na sentare nkuru ya Cankuzo mu kwa gatandatu.

Hassan Ruvakuki yagumye yamirira kure icaha yagirizwa avuga ko yagiye gukora umwuga wiwe nkuko bisanzwe.

Hassan Ruvakuki yari yafashwe mu kwezi kwa 11 mu mwaka 2011 yagirizwa kuba akorana n’imigwi y’iterabwoba, inyuma yaho aviriye muri Tanzania kugirana ikiganiro n’ umukuru w’umugwi wavuga ko ushaka kugwanya reta y’Uburund,.

Inyuma y’amezi ane afunzwe, sentare nkuru ya Cankuzo mu buseruko bw'Uburundi ikaba yari yamuciriye gufungwa ubuzima bwiwe bwose.

Mu bandi 22 bagirizwa hamwe na Hassan Ruvakuki, 10 baciriwe gupfungwa imyaka 3 bagirizwa gukorana n’umugwi w’inkozi z’ikibi, abandi 3 bagiriwe n’icaha co gukorana n’imigwi y’iterabwoba baciriwe imyaka 20, 9 nabo bahawe umunyororo w’ubuzima bwabo bwose bagirizwa kuba bari mu mirwi y’iterabwoba .

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.