Umugambi wokugenzura ibirwanisho muri Amerika

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa mbere, 2013 - 18:16 GMT

President Obama aravuga ku kibazo c'inkoho

Mu mugambi wo gucungera ikoreshwa ry'inkoho watangajwe na president Obama, harimwo inkoho zifise ububiko bw'amasasu menshi.

Hari kandi no kugenzura incuro nyinshi abifuza kugura ibirwanisho bicira umuriro.

Yavuze kandi ko agiye gushira igikumu ku mabwiriza kugira ibigo vya leta gukora iprereza ku ubugizi bwa nabi bukoreshwamwoi inkoho.

Bwana Obama avuga ko ashigikioye uburenganzira butangwa n'ibwirizwa nshingiro bwo gutunga ibirwanisho.

Ariko ngw'uburenganzira nyamukuru budakwiye guhungabanywa n'ubuzima, umwidegenvyo no gukomeza kubaho mu munezero.

Ivyo navyo ngo bikaba vyaraburijwemwo ku bazize ubwicanyi bw'ikivunga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.