Ubwongereza bushaka kamarampaka ku muryango wa Buraya

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa mbere, 2013 - 11:38 GMT
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, yasavye ko haba kamarampaka ku kuba kw'Ubwongereza mu muryango wa Buraya.

Mw'ijambo ryari ririndiriwe cane, bwana Cameron yavuze ko azoba ari amatora yo "kuguma canke kuva" muri uwo muryango, azoba hegereje uwamaka w'2018, leta y'aba Conservateurs niyasubira gutorwa.

Yavuze ko ayo matora azokurikira ibiganiro vyo kuvugurura ubunyamuryango bw'Ubwongereza mu muryango wa Buraya.

Ariko bwana Cameron yashimanze ko ashaka imigenderanire yogumiza Ubwongereza mu muryango wa Buraya.

Ariko yavuze ko haguma hiyongera ubudasa hagati y'umuryango n'abanyagihugu bawutuyemwo, ngo ivyo bikaba vyigaragaza cane mu Bwongereza.

Bwana Cameron yavuze ko igiteje ikibazo gikomeye umuryango wa Buraya ari abanka ivyiyumviro bishasha.

Ntivyakiriwe neza

Mu muryango wa Buraya ivyashikirijwe na bwana Cameron ntivyashimwe.

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Laurent Fabius, yavuze ko uwo mugambi ushobora kuba mubi cane.

Yavuze ko abanyamuryango bagomba gukurikiza amategeko yawo.

Umushikiranji w'Ubudage ajejwe imigenderanire, Guido Westerwelle, nawe yavuze ko ubunyamuryango bw'umuryango wa Buraya ari kwakira vyose canke ntiwakire na kimwe, yongerako yuko kwitoza bimwe wanka ibindi bidashobora kwemerwa.

Uwuserukiye Finland mu Bwongereza yavuze ko igihugu ciwe kitifuza na gato ko Ubwongereza buva mu muryango wa Buraya.

Umunyamakuru wa BBC ari Bruxelles yavuze ko benshi i Buraya baza kubona ijambo rya Cameron nko gukina akamari, kujuragiza canke gukanga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.