Kenya ishaka kuba icibare c'ikorana buhanga

Ibiherutse kuvugururwa: 23 ukwa mbere, 2013 - 13:52 GMT
Prezida Mwai Kibaki yatanguje inyubako i Konza

Prezida Mwai Kibaki yatanguje inyubako i Konza

Kenya yatanguje ibikorwa vyo kubaka ico yizera ko kizoba ikibanza ca mbere gikuru muri Afrika kiberamwo ikoranabuhanga rya za ordinateur nka Silicon Valley yo muri Amerika.

Umukuru w'igihugu Mwai Kibaki yahagarikiye ibikorwa vyo gutanguza uwo mugambi w'akataraboneka i Konza, akarere kari mu bumanuko bwa Nairobi, aho ico cibare gishasha c'ikorana buhanga kigiye kubakwa mu myaka 20 iri imbere.

Uwo mugambi uzotwara amahera ashika ku miriyaridi cumi na zine n'igice z'ama dollar, uzoba urimwo ibibanza biberamwo urudandaza, za kaminuza zikora ubushakashatsi hamwe n'ikoranabuhanga.

Hazoba kandi amazu yo guturamwo, amashure hamwe n'amavuriro.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.