Mali:Abarwanyi ba Ansar Dine biciyemwo ibice

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa mbere, 2013 - 15:00 GMT

Umukuru wa Ansar Dine, Algabass Ag Intalla

Umurwi w'abarwanyi wa Ansar Dine wamaze gucikamwo ibice, abawiyonkoyeko bakavuga ko bifuza ibiganiro

Mw'itangazo ryatanze, iryoshami rishasha rya Ansar Dine ryiyita Islamic Movement for azawad, rivuga ko ryanse ubutagondwa rigashaka ibiganiro vy'amahoro.

Ansar Dine bikekwa ko ifitaniye ubucuti na Al Qaeda.

Abanyamakuru bari muri Mali bavuga ko uko kwicamwo ibice kwerekana ko bamwe mu barwanyi bafise icifuzo co kwiyonjorora kur'uwo murwi w'intagondwa, inyuma y'ibitero vy'abafaransa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.