Mali: Abasirikare bafashe ikibuga c'indege ca Gao

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa mbere, 2013 - 12:32 GMT
Abasirikare b'Abafaransa

Abasirikare b'Abafaransa

Amakuru ava muri Mali avuga ko abasirikare b'Ubufaransa n'aba Mali bafashe ikibuga c'indege mu muji wa Gao usanzwe ari icibare c'abarwanyi ba ki Islam mu buraruko.

Ibiro bitara amakuru vy'Ubufaransa vyavuze ko abasirikare ba Mali n'ab'Ubufarasna bafashe ico kibuga c'indege hamwe n'ikiraro gikomeye.

Kare abo basirikare bafashe umuji wa Hombori uri nko ku birometero 160 uvuye mu muji wa Gao, icibare gikomeye c'abarwanyi ba ki Islam.

Indege z'Ubufaransa zateye ibisasu ibirindiro vy'abarwanyi, ububiko bwabo bw'ibitoro hamwe n'amasase hafi ya Gao.

Ariko hari ayandi makuru avuga ko abarwanyi basambuye ikiraro cahuza ubuseruko bw'igihugu hamwe n'igihugu ca Niger, aho abasirikare b'abanye Africa bitegurira gutera bava.

Ico kiraro kiri mu muji wa Tassiga, uri ku nzira ya hagufi uva Niger werekeza Gao.

Ariko Ibrahim Ag Idbaltanate, yahoze ari umushingamateka muri Mali, yavuze ko ico kiraro atariyo nzira yonyene yo kujabuka.

Abasirikare bavuye muri Niger na Chad vyari vyitezwe ko bakoresha iyo nzira ngo bifatanye n'abari guhiga abarwanyi.

Ibihugu vyinshi vyo muri Afrika vyaremeye gutanga abasirikare bo gufasha leta ya Mali ngo igarukane uburaruko bw'igihugu.

Kuwa Gatanu umuryango w'ubumwe bwa Afrika wasavye umugwi w'umutekano w'umuryango mpuzamakungu ONU, ngo wemeze vuba gutanga ibikoresho ngo abasirikare ibihumbi bitandatu barungikwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.