Haracari uruhagarara i Port Said mu Misiri

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa mbere, 2013 - 12:22 GMT
Akaguma i Port Said

Akaguma i Port Said

Uruhagarara ruracari rwose mu muji wa Port Said mu Misiri mu gihe bapfuba abantu bashika ku mirongo itatu baguye mw'itana mu mitwe ry'ejo.

Amakuru ya television ya leta ya Misiri avuga ko i Port Sadi hakiri ishavu ryinshi nyuma y'aho sentare iciriye urubanza rwo gupfa abantu 22 bagirizwa kugira uruhara mu bwicanyi bwabaye ku rukino rw'umupira w'amaguru mu mwaka uheze.

Ayo makuru avuga ko abasirikare bagarukanye umutekano i Port Said bakaba bagenzura amabarabara.

Hagati aho akandi kaguma kavugwa mu muji wa Cairo aho bivugwa ko abari mu myiyerekano bagwanye n'abapolisi i Tahrir Square.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.