Iyindi nfashanyo ya gisirikare kuri Mali

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa mbere, 2013 - 14:24 GMT

Timbuktu, Mali

Infashanyo yemerewe igihugu ca Mali mu nama yabereye Addis Abeba muri Ethiopia iri munsi y'ica kabiri c'ayo abategetsi b'ibihugu vya Afrika bari basavye.

Mu Bwongereza, umushikiranganji wo kwivun'abansi Philip Hammond yabwiye inama nshingamteka ko n'ubwo ingabo z'igihugu ciwe zitazogira uruhara mu ntambara ya Mali, leta yemeye kongera intererano kuri Mali.

Iyo ntererano y'Ubwongereza ngo n'iyo gufata mu mugongo ingabo z'Ubufaransa n'iz'ibihugu vya Afrika zishigikiwe n'ishirahamwe mpuzamakungu ziri muri Mali.

Mur'iyo ntererano harimwo abakozi 200 bazoja gufasha gutanga inyigisho ku ngabo zivuga icongereza zo mu bihugu vy'uburengero bwa Afrika biriyo.

Harimwo kandi n'abahanuzi mu vya gisirikare bagera mu 40 bazokora mu gikorwa co gutanga inyigisho c'ishirahamwe rya Bulaya.

Harimwo rero n'infashanyo y'ibikoresho.

Hagat'aho bimaze kumenyekana ko nyinshi mu nzandiko zo muri kahise zibitse mu muji wa Timbuktu muri Mali zakekwa ko zononywe n'abarwanyi zarokotse.

Abakozi bo ku kigo Ahmed Baba mu muji wa Timbuktu casahuwe n'abarwanyi, bavuga ko hari inzandiko zo muri kahise zigera ku 2000 batazi irengero.

Bakeka ko izo nzandiko zoba zaraturiwe canke zarasahuwe n'abarwanyi bateye ico kigo co mu buraruko bwa Mali.

Ariko abo bakozi bavuga ko hari izindi nzandiko zigera ku 28000 zamaze kwimurirwa ku murwa mukuru Bamako, kugira zikingirwe.

Umunyamakuru wa BBC ari Timbuktu avuga ko icuka kibi gikomeza kuduga, aho amaduka n'ibindi bibanza vy'ubudandaji bikomeza gusahurwa.

Ingabo z'Ubufaransa n'iza Mali zikomeza gufatanya kugenzura umuji wa Timbuktu kuva zihageje ku munsi wa mbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.