Somalia: Umugore avuga ko yahohotewe yapfunzwe

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa kabiri, 2013 - 11:51 GMT
Abanyamakuru muri Somalia bavuga ko ari urubanza rwa politike

Abanyamakuru muri Somalia bavuga ko ari urubanza rwa politike

Sentare i Mogadishu yakatiye igifungo c'umwaka umwe umugore yagirizwa kubesha igihe yavuze ko yasambanijwe ku nguvu n'abasirikare ba leta.

Umunyamakuru yahaye ikiganiro uwo mugore nawe yakatiwe gufungwa umwaka umwe yagirizwa gufasha uwo mugore guhimba inkuru yiwe.

Bose uko ari babiri bahamwe n'icaha co kwambika iceyi leta ya Somalia.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yariyamirije ifatwa ry'uwo mugore hamwe n'urubanza rwiwe.

Kuwa mbere hatangujwe muri Somalia isekeza ryo kurwanya ihohoterwa ry'abagore mu kubasambanya, ryatangujwe n'uwuharanira agateka ka zina muntu, Asha Haji Elmi, akanaba umugore w'umushikiranganji wa mbere Abdi Farah Shirdon Saaid.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.