Muri Tuniziya barashingura Chokri Belaid

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa kabiri, 2013 - 13:29 GMT
Amaziko ya Chokry Belaid

Amaziko ya Chokry Belaid

Abanye Tuniziya ibihumbi n'ibihumbi bitavye amaziko y'umukuru w'abatavuga rumwe na leta, Chokry Belaid yagandaguwe.

Isinzi ry'abantu ku murwa mukuru, Tunis, baririmba ivyivugo vyiyamiriza leta itwawe n'abagendera ku vyiyumviro vya Islam, igihe isandugu irimwo umuhisi yajanwa kw'itongo ry'abapfuye, ipfutswe n'ibendera ry'igihugu.

Abasirikare n'abapolisi bakumira akaguma bashizwe hirya no hino mu gihugu, nyuma y'itana mu mitwe ry'ejo kuwa Kane.

Mu muji wa Gafsa uri mu bumanuko, igipolisi carashe ivyuka bikoroza amasozi mu gushwiragiza abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta, bariko baratera amabuye ibiro bikuru vy'igipolisi muri uwo muji.

Ubuzi bwinshi bw'abikorera utwabo n'abakorera leta bwugaye, mugihe amashirahamwe y'abakozi yahamaje ihagarikwa ry'akazi rusangi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.