Kenya: Umukuru wa sentare ntahinyuzwa "ahorwa urubanza rwa Kenyatta"

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa kabiri, 2013 - 13:24 GMT
Uhuru Kenyatta yagirizwa guteza ubwicanyi bwo mu 2007

Uhuru Kenyatta yagirizwa guteza ubwicanyi bwo mu 2007

Mu gihe hasigaye munsi y'indwi zibiri ngo habe amatora muri Kenya, umukuru wa sentare ntahinyuzwa, Willy Mutunga, avuga ko yaronse ubutumwa bw'abashaka kumwica burungitswe n'aba Mungiki.

Yavuze ko ikete yaronse riburira abacamanza ngo ntibazohirahire bafate ingingo yobuza kwitoza Uhuru Kenyatta, aharanira kuba umukuru w'igihugu.

Bwana Kenyatta ari mu kwitaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, kwishura ku vyaha vy'ubwicanyi aregwa vyakozwe nyuma y'amatora aheruka mu 2007.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yagirije abanye politike kuba bari inyuma y'umugambi w'iterabwoba utumbereza abacamanza.

Willy Mutunga avuga ko abacamanza batanu bamaze guterwa muri ino minsi, bamwe bagaterwa n'abantu bitwaje inkoho.

Yanavuze ko mu ndwi iheze hari abagerageje kumubuza gufara urugendo rwo hanze.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa abonwa na benshi ko akora akazi keza mu kuvugurura ubucamanza bwari bwarashegeshwe n'igiturire.

Ubwo butungane kandi nibwo bwitezwe gukora igikorwa gihambaye mu gihe c'amatora.

Willy Mutunga yahamagariye abanye politike ngo bahitemwo hagati yo gutunganya amatora mu mahoro, no gusubiza igihugu mu bwicanyi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.