Misiri:19 bahitanywe n'isanganya iLuxor

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa kabiri, 2013 - 13:43 GMT

Imipira igendwamwo mu kirere

Nk'uko bivurwa n'ishirahamwe rijejwe imipira ikoreshwa mu ngendo zo mu kirere, umupira wahitanye abantu 19 wahiye ugeze ku metero 300 mu kirere.

Uwo mupira wahiye biturutse kw'iturika ry'igicupa ca gaz ikoreshwa mu gushusha impemu ziwufasha kuguruka.

Uwo mupira waciye ukoroka werekeza mu burengero bw'igisagara ca Luxor.

Abantu batatu barokomeretse mu bari muriwo bariko baravurwa.

Inkuru zitaratohozwa neza zivuga ko uwari atwaye uwo mupira n'uwundi muntu umwe barokotse kubera kawuvuyemwo bagasimbira hasi.

Umukuru w'intara ya Luxor yaciye abuza ingendo zo mu kirere zose hakoreshejwe ben'iyo mipira.

Kugendera mur'iyo mipira iguruka kuber'impemu zishushe bikunze gukoreshwa n'abakerarugendo bifuza kuratira ijisho ibibanza vya kera mu Misiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.