Papa yagiye ahabona ubwa nyuma

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa kabiri, 2013 - 13:39 GMT
Umubonano rusangi wa nyuma wa Papa Benedict wa 16

Umubonano rusangi wa nyuma wa Papa Benedict wa 16

Papa yagiye ahabona ubwa nyuma imbere y'isinzi ry'abantu mu gihe azotanga imihoho icese ejo kuwa Kane.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitwaje amabendera n'ivyandiko, buzuye ikibanza ca Saint Pierre i Roma baje mu mubonana rusangi wa nyuma na Papa Benedict wa 16.

Yabariye iryo sinzi ry'abantu ko azi neza ko ingingo yafashe ihambaye, ngo ariko afise amahoro ku mutima kuko yizera Imana hamwe n'ishengero.

Yaguma acibwamwo mw'ijambo n'amashi y'abantu, akaba yavuze ko yumvise inguvu ziriko ziramuherana muri ano mezi aheze, ngo akaba yarasavye Imana kumufasha gufata ingingo yo gutanga imihoho.

Yavuze ko azosengera uwuzomusubirira, azotorwa mu ndwi ziri imbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.