Tony Blair ashigikiye u Rwanda mu ntambara ya Kongo

Ibiherutse kuvugururwa: 27 ukwa kabiri, 2013 - 15:22 GMT
Tony Blair

Tony Blair

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Tony Blair, yashigikiye uruhara rw'u Rwanda mu ntambara yo mu buseruko bwa Kongo.

Aho yaganira na BBC, bwana Blair yavuze ko ivyateje intambara yo muri Kongo bigoye, kandi ngo leta ya Kigali ntigomba kubizira yonyene.

Yavuze kandi ko ari amakosa guhagarikira u Rwanda imfashanyo, nk'uko ibihugu vyinshi vy'i Buraya vyabikoze.

Umuryango mpuzamakungu wagiriza leta y'u Rwanda gufata mu mugongo umugwi M23, wagirijwe ibikorwa vyo guhohotera abantu mu buseruko bwa Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.