Bangladesh:batandatu baguye mu myiyerekano

Ibiherutse kuvugururwa: 3 ukwa gatatu, 2013 - 08:50 GMT

Abapolisi bo muri Bangladesh

Bane mu bapfuye uno munsi baguye mu gitero cagabwe n'abari mu myiyereknao ku kigo c'igipolisi ca Bogra mu buraruko.

Abasirikare ba Bangladesh bahawe amabwiriza yo gushwiragiza abantu ibihumbi bateye ibigo vy'igipolisi vya Bogra, bamaze kane mu myiyerekano.

Abayoboke b'umugambwe Jamaat-e-Islami bashwaye ku bigo vya polisi muri kano gatondo, biyamiriza igihano co gupfa cahawe umwe mu bategetsi bakuru b'uwo mugambwe.

Igipolisi mu guhosha iyo myiyerekano imaze kane, bivugwa ko cakoresheje amasasu atagenewe kwica, n'imyuka irakira.

Abandi bantu babiri baguye mu migumuko yabereye ahitwa Rajshahi, umwe mu miji ikomeye ya Bangladesh.

Abantu bagera ku mirongo itanu nibo bamaze kuhasiga ubuzima kuva ku munsi wa kane.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.