Kenya:amajwi yatanguye guharurwa

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa gatatu, 2013 - 16:42 GMT
Abarindiriye gutora

Hamwe hamwe amasaha yo gutora yongerejwe kugera ku ndwi

Muri Kenya hatanguye guharurwa amajwi y'amatora abanyagihugu bazindutse bitaba uno munsi.

Ariko abantu ibihumbi n'ibihumbi baracariko baratora mu gihe amasaha yo gutora yongerejwe mu bice bimwe bimwe kubera imirongo miremire cane y'abarindiriye gutora.

Umugwi ujejwe amatora uvuga ko ugucererwa vyavuye ku buhinga bushasha bwo kugabanya ubusuma.

Abakurikiranira hafi ayo matora bibaza ko ubwo buryo buzofasha kwirinda intureka nk'izakurikiye ayo mu 2007.

Gushika abantu 11 niba bavugwa ko baguye mu ntureka yabaye mu duce tumwe tumwe tw'igihugu.

Mu matora y'umukuru w'igihugu, vyitezwe ko amajwi azokwegerana cane hagati y'umushikiranganji wa mbere Railia Odinga n'icegera ciwe Uhuru Kenyatta (aronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha kubera intureka zakwirikiye amatora yaheruka).

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.