Kenya: Uhuru Kenyatta ari imbere mu majwi y'agateganyo

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa gatatu, 2013 - 12:40 GMT
Guharura amajwi muri Kenya

Guharura amajwi muri Kenya

Amajwi y'agateganyo mu matora y'umukuru w'igihugu wa Kenya yabaye ejo, ashira imbere icegera c'umushikiranganji wa mbere, Uhuru Kenyatta.

Ariko mu gihe ibiro vy'amatora vyinshi bitaratangaza uko vyagenze, uwo bahiganwa, umushikiranganji wa mbere Raila Odinga, ashobora kumushikira.

Umukuru w'umugwi ujejwe amatora yavuze ko igitigiri c'amajwi yabaye impfagusa giteye impungenge.

Bwana Kenyatta agomba kwitaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, aho yagirizwa guteza ubwicanyi bwakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yo mu myaka itanu iheze.

Ico gihe abantu barenga igihumbi basize ubuzima mu bwicanyi bufatiye ku moko.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.