ANC irega amacakubiri se wa Pistorius

Ibiherutse kuvugururwa: 5 ukwa gatatu, 2013 - 13:40 GMT
Oscar Pistorius, ashinjwa kurasa uwari umukunzi wiwe

Oscar Pistorius, ashinjwa kurasa uwari umukunzi wiwe

Umugambwe uri kubutegetsi muri Afrika y'epfo wagirije se w'umunonotsi Oscar Pistorius kuba ari umunyamacakubiri aho avugiye ko umuryango wiwe ukeneye inkoho kuko leta yananiwe gukingira abazungu.

Henke Postorius yabariye ikinyamakuru co mu Bwongereza, Daily Telegraph ko umuryango wiwe utunze inkoho kuko udashobora kwizera abapolisi ko bowukingira.

Oscar Pistorius yashinjwe kwica uwari umukunzi wiwe, Reeva Steenkamp mu kwezi guheze.

Avuga ko yarashe uwo mwigeme yibaza ko yari umusuma yamwinjiranye.

Abagize umuryango wa Pistorius bitandukanije n'ivyavuzwe na Henke Pistorius.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.