Venezuela bararirira Hugo Chavez

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatatu, 2013 - 12:51 GMT

Abategetsi ba Venezuela batangaje ikiringo c'iminsi indwi co kugandarira Hugo Chavez apfuye afise imyaka 58 y'amavuko amaze imyaka 14 ku butegetsi.

Abantu amajana n'amajana batanguye gukoranira iruhande y'ibitoro aho umukuru w'igihugu yaguye hagati mu murwa mukuru Caracas kugira baririre Chavez bari hamwe.

benshi bafise amarira mu maso. Bamwe bagwanye mu nda. Bamwe bahuye bisanzwe kugira bibukanye ivy'umukuru wabo.

Kuri benshi, umungo noi nk'uko boba bavuze umuntu wo mu muryango iwabo.

'Intwari ikomeye iradusize,umuvyeyi. Umuntu yatwigishije guca mu nzira ya revolution', ivyo vyavuzwe na Ali Dominguez, umunyeshure.

Ariko mu karere ka Los Palos Grandes kabamwo abantu bifisse batavuga rumwe n'ubutegetsi, amabarabara yari yamaze kugaragara mu masaha ya mbere y'umugoroba.

Abantu bagiye kuri Twitter guhererekanya ico bibaza.

Sindi mu minsi mikuru na gato, nibaza gusa ko kabaye akaryo gashaha ko kuronka kazoza keza kuruta, uwo ni Sharon fandino.

Chavez yari amaze umwaka urenga arwaye cane cancer. Yari amzxe iminsi mike atashe avuye kwivuza muri Cuba aho yakozwe cancer incuro zine zose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.