Silvio Berlusconi yakatiwe gufungwa umwaka

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa gatatu, 2013 - 14:07 GMT
Silvio Berlusconi, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano

Silvio Berlusconi, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano, Silvio Berlusconi, yakatiwe gufungwa umwaka umwe muri rumwe mu manza aregwamwo ivyaha.

Yahamwe n'icaha co gutanga inzandiko z'ibanga z'igipolisi, akaziha ikinyamakuru gifiswe n'umuryango wiwe mu ntumbero yo gusiga iceyi uwo bahiganwa muri politike.

Uwunganira bwana Berlusconi vyitezwe ko yunguruza kuri iyo ngingo, kandi ntivyitezwe ko ajanwa mw'ibohero.

Ariko umunyamakuru wa BBC ari mu Butariyano yavuze ko uru rubanza rwononye cane isura ya Berlusconi mu gihe imigambwe igiharira ku vyavuye mu matora rusangi aheruka.

Mu rundi rubanza bwana Burlusconi yagirizwa kuriha umumaraya adakwije imyaka, urwo rubanza rukazosomwa mu mpera za kuno kwezi mu muji wa Milan.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.