Kenya: Ivyavuye mu matora vy'agateganyo vyerekana intsinzi ya Kenyatta

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatatu, 2013 - 08:44 GMT
Uhuru Kenyatta ariko aratora

Uhuru Kenyatta ariko aratora

Ivyavuye mu matora ya Kenya biza kwemezwa mu mwanya uri imbere vyerekana ku buryo bw'agateganyo intsinzi ya Uhuru Kenyatta.

Umugwi ujejwe amatora wamenyesheje mu masaha ya kare mu gitondo ko bwana Kenyatta yaronse amajwi 50,03 kw'ijana.

Nivyemezwa, ingunga ya kabiri y'amatora ntizoba igikenewe.

Ariko umuhanuzi w'uwo bahiganwa, Raila Odinga, yavuze ko ata mugambi n'umwe afise wo kwemera ko yatsinzwe.

Bwana Kenyatta afise urubanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, aho aregwa guteza ubwicanyi bwakurikiye amatora y'umukuru w'igihugu yo mu 2007.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.