Kenya: La haye ihevye ivyaha kuri Francis Muthaura

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatatu, 2013 - 17:57 GMT
Francis Muthaura

Francis Muthaura yari mu bagirizwa uruhara mu ntureka yo 2007

Abashikirizamanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y'i La Haye, bakuye ibirego bijanye no guhohotera ikiremwa muntu bagiriza uwahoze ari umuyobozi mukuru ajejwe abakozi ba leta muri Kenya, Francis Muthaura.

Umushikirizamanza mukuru, Fatou Bensouda, yavuze ko ata kundi yari kubigenza kiretse gukura ivyo birego kuri bwana Muthaura, nyuma y'aho icabona nyamukuru kivugiye ko cabeshe.

Bensouda yavuze ko ivyo birego bari bashikirije ata mutima mubi urimwo ariko ko uko umwanya wagiye urahera, bamwe mu vyabona bapfuye, abvandi nabo bagatinya gushikiriza ivyo bazi.

Ivyo bikaba kandi leta ya Kenya yari yemeye kuzofasha mu bizokenerwa vyose.

Uwo mushikirizamanza yavuze ko afise ibigaragaza ko ivyabona bihabwa igifukamunwa.

Francis Muthaura yari kumwe na Uhuru Kenyatta aherutse gutsindira amatora y'umukuru w'igihugu co kimwe mbnere n'uwo bitoreje hamwe William mu kwagirizwa kugira uruhara mu ntureka zakurikiye amatora yo mu 2007.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.