Sudan zompi zisubiye kwimbura ibitoro

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatatu, 2013 - 13:36 GMT
Sudan oil

Ibitoro biva muri Sudan y'Epfo bigaca muri Sudan mu gushoka

Sudan na Sudan y'Epfo zemeye gusubira kuvoma ibitoro inyuma y'impari ku kugabura amafaranga avuyemwo zatumye kwimbura ibitoro bihagarikwa igihe c'umwaka urenga.

Sudan y'Epfo yiyonkoye kuri Sudan mu 2011 izosubira kwimbura ibitoro ku wa 24 ukwezi kwa gatatu hisunzwe ayo masezerano yumvikaniweko muri Ethiopia.

Ivyo bihugu vyompi bizeye uburaro n'uburamuko ahanini kuri ivyo bitoro vyimburwa mu bumanuko ariko bigaca mu mirongoti yo mu buraruko kugira bishike mkw'isoko mpuzamakungu.

Banumvikanye gukura ingabo ku rubibe bisangiye.

Hazoshingwa akarere katagiramwo ingabo kugira hongerezwe umutekano.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.