Inama yo gutora papa mushasha yatanguye

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatatu, 2013 - 12:57 GMT
Conclave

Aba kardinali batangauye inama conclave yo gutora umupapa mushasha

Aba kardinali batora Papa batanguye ikoraniro ryabo conclave i Vaticano ari naryo batoreramwo umupapa mushasha.

Nta mu kardinali n'umwe agaragara nk'uwufise amahirwe yo gutorwa kurusha abandi ugereranije n'igihe hatorwa Jean Paul II na Benedicto XVI.

Aba kardinali 115 bazotora bitavye imisa idasanzwe muri Basilique Saint Pierre yo gusaba ko Mutima Mweranda yofasha muri iki gikorwa co gutora papa mushasha.

Aya matora yavuye kw'itanga ry'imihoho kwa papa Benedicto XVI. Kuru uyu muhingamo baja kuja mu gasengero Sistine ari naho bazotorera. Bazotera incuro zine gushika 2 kuri 3 bumvikanye kw'izina rimwe.

Benedicto XVI yatanaze imnhoho avuga ko atagifise amagara akwiye yo kubandanya arongoye Eklezia katolika yugarijwe n'ibibazo bikomeye harimwo ibara ryo gushurashuza n'uko mw'i banki ya Vaticano hoba habamwo ibiturire.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.