Ubufaransa n'Ubwongereza bishaka guha ibirwanisho abarwanya Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatatu, 2013 - 12:46 GMT
Abarwanya leta ya Syria

Abarwanya leta ya Syria

Ubufaransa n'Ubwongereza bibandanije guhimiriza umuryango wa Buraya ngo ukureko ivyemezo bibuza kuronsa ibirwanisho abarwanya leta ya Syria.

Abakuru b'Ubwongreza n'Ubufaransa, David Cameron na Francois Hollande, ku munsi ugira kabiri w'inama y'umuryango wa Buraya ibera i Bruxelles, bavuze ko bashaka ko ivyo vyemezo bivako.

Abo bagabo bombi bavuze ko bashobora kuronsa abarwanyi ibirwanisho atawubafashije mu gihe umuryango wa Buraya wose wonanirwa kubikora.

Abandi banyamuryango benshi harimwo Ubudage, batinya ko ivyo vyemezo bivuyeko vyotuma ubwicanyi bwiyongera, cane cane mu gihe ibirwanisho bigenewe abatavuga rumwe na leta ya Syria, vyogwa mu minwe y'abarwanyi ba ki Islam.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.