Gucanamwo muri M23 bigeze ahabi

Ibiherutse kuvugururwa: 15 ukwa gatatu, 2013 - 18:17 GMT
Abarwanyi ba M23

Abarwanyi ba M23

Itana mu mitwe hagati y'impande zitumvikana mu mugwi M23 urwanya leta ya Kongo mu buseruko bw'igihugu rimaze indwi ritavanako.

Imirwano yatanguye mu ndwi iheze hagati y'abashigikiye umukuru wa politike wa M23, Jean Marie Runiga, n'umukuru w'igisirikare Gen Sultani Makenga ubu igeze mu gace ka Kibumba.

Impande zombi zari zimaze iminsi zirwanira ahitwa Rugari, ariko uruhande rwa Runiga rusa n'urwigijwe inyuma rwerekeza Kibumba.

Bose bagirizanya gufatwa mu mungongo n'abandi bo hanze, abo kwa Makenga bakavuga ko barwana Gen Bosco Ntaganda kandi ko bagiye kumufata.

Abasirikare ba Runiga bavuga ko Gen Ntaganda badakorana, bakagiriza ahubwo Gen Makenga kuba afashijwe n'igisirikare ca Kongo.

Uko biri kwose, impande zose ziramaze gupfisha abasirikare benshi naho zitemera kuvuga uko bangana, kuri abo hakiyongerako ibihumbi vy'abanyagihugu bamaze guhunga hamwe n'abatari bake bamaze kwitaba Imana.

Ushaka kumenya vyinshi wokurikirana ikiganiro Imvo n'Imvano co kuri uru wa Gatandatu itariki 16 z'ukwa Gatatu, kizokwibanda ku kibazo c'ukutumvikana kiri muri M23.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.