Rwanda:'rwatunguwe' n'ukwishikana kwa Gen. Ntaganda

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa gatatu, 2013 - 13:51 GMT
General Bosco Ntaganda

Ministre w'Urwanda ajejwe ubutabera/ubutungane yabwiye BBC ko general Bosco Ntanganda, aronderwa na sentare mpuzamakkungu mpanavyaha-yasize abantu bose mu kantu mu kwishikana kuri ambassade ya Amerika i Kigali mu Rwanda ku wa mbere.

Tharcisse Karugarama yavuze ko ubu ari ikibazo kiri hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na general Bosco Ntaganda aronderwa ku umugwi wiwe w'inyeshamba wokoreye muri Congo haraheze imyaka 10.

Abanyamakuru bavuga ko General Ntaganda ashobora kuvuga ko yari ashigikiwe n'Urwanda mu bikorwa vy'uwo mugwi hamwe no mu gutanguza uwundi mugwi M23 mu mwaka uheze.

Urwanda rurahakana uruhara urwarirwo rwose.

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'u Rwanda akaba n'umuvugizi wa leta y'u Rwanda, Louise Mushikiwabo yavuze ko hari amakuru abagezeho avuga ko General Bosco Ntaganda yaba yahungiye mu biro bihagarariye Amerika mu Rwanda.

Louise Mushikiwabo ku wa mbere niho yandika ku rubuga rwiwe rwa twitter no ku rubuga rwa internet rwa leta y'u Rwanda ko Ntaganda yitanze ku baserukira Amerika i Kigali. .

Ubushikiranganji bw'imibano n'amahanga bw'Amerika nabwo bwaciye bwemeza ko General Bosco Ntaganda yahungiye mu biro vyabo biri i Kigali.

Umuvugizi wabwo Victoria Nuland yabwiye abanyamakuru ko Ntaganda yizanye mu biro vyabo i Kigali akabasaba ko bomushikiriza urukiko/sentare mpuzamakungu mpanabyaha ICC.

Urukiko rwa ICC rurega Ntaganda ivyaha bvo gushira abana mu gisirikare, ubwicanyi no gufata abagore ku nguvu, vyakorewe muri Congo.

Mu Rwanda kandi hahungiye abasirikare bahoze muri M23 ku ruhande rwa Bishop Runiga, bamaze gutsimburwa ku rugamba n'ingabo za General Makenga Sultani.

Croix Rouge iravuga ko muri abo bahunze harimo inkomere zigera kuri 66.

Amakuru aturuka mu Rwanda aravuga ko abahunze bose bagera kuri 650.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.