Papa Francis yasomye misa yo kwimikwa

Ibiherutse kuvugururwa: 19 ukwa gatatu, 2013 - 12:44 GMT
papa

Papa Francis yambikwa impeta

Papa Francis yasomye imisa yo kumwimika mu mabanga mu kibanza ca Petero Mweranda imbere y'ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu.

Mu nsinguro ziwe, Papa yasavye abafise ubutegetsi gukingira ivyaremwe vyose hamwe n'ibidukikije nk'uko Francois d'Assise Mweranda yabigize. Yanibukije kandi ukwitaho abakene.

Umunyamakuru wa BBC ari Roma avuga ko bisa nk'uko Papa ashaka gusubira gukomeza no guhindura ibintu i Vaticano afatiye ku bikuru bikuru biri mu nyingishoz'aba Kristu.

Imbere y'uko imisa itangura, Papa yaramukije abantu bahimbawe bariko barazungangiza amabendera bashira ijwi hejuru ngo 'ciao' mawe aja arahagarara aramutsa abakoze urugendo rwo gushika Roma.

Abakuru b'ibihugu n'indongozi z'amadini na politike bo mu bihugu vyinshi bitavye iyo misa, ikimenyetso c'intango y'ubuyobozi bwa Papa Francis bwa Eklezia katolika iharugwamwo abantu miliardi na milioni amajana abiri.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.