Oxfam ivuga ko ibintu vyifashe nabi muri Mali

Ibiherutse kuvugururwa: 20 ukwa gatatu, 2013 - 12:05 GMT
Mu buraruko bwa Mali havugwa inzara kubera intambara

Mu buraruko bwa Mali havugwa inzara kubera intambara

Ishirahamwe ry'abagiraneza Oxfam rivuga ko ibintu vyifashe nabi muri Mali, aho abasirikare mpuzamakungu bahanganye n'abarwanyi ba ki Islam.

Icigwa giheruka kugirwa na Oxfam mu ntara ya Gao, casanze ibiciro vy'ibifungurwa vya nkenerwa vyaraduze gushika ku bice miringo indwi kw'ijana.

Ico cigwa kivuga kandi ko abantu bakuze bashika ku mirongo umunani kw'ijana bagabanije ivyo bafungura kugira bahebere abana babo.

Oxfam ivuga ko ukwiyongera kw'ibiciro vy'ibifungurwa kwatewe n'ibikorwa vya gisirikare mu buraruko bwa Mali, vyatumye amabarabara yugarwa abadandaza nabo barigira.

Ubufaransa burongoye ibikorwa vyo guhiga abarwanyi ba ki Islam bigaruriye uburaruko bwa Mali mu mwaka uheze.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.