Kagame arafasha gutanga Ntaganda vuba

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatatu, 2013 - 12:55 GMT
Bosco Ntaganda

General Bosco Ntaganda yitanze ku wa mbere kuri ambasade ya Amerika i Kigali

Umukuru w'Urwanda Paul Kagame yamenyesheje ko azokora ivyo ashoboye vyose kugira ngo sentare mpuzamakungu mpanavyaha irungikirwe vuba hashoboka umu jenerali w'umenye Congo , Bosco Ntaganda.

Ntaganda aronderwa ku vyaha vyo mu ntambara yitanze ku biryo vy'uwuserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika i Kigali mu rwanda ku wa mbere.

Umukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha Fatou Bensouda yavuze ko Ntaganda azoshikanwa i Lahaye mu minsi mike. Aronderwa ku vyaha icumi harimwo gukwegera abana mu ntambara, kwica hamwe no gukoresha ugusambanya abagore ku nguvu nk'ikiwanisho c'intambara.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.