Obama yagiye Ramallah

Ibiherutse kuvugururwa: 21 ukwa gatatu, 2013 - 13:12 GMT
Obama in Ramallah

Presida wa Amerika Obam ari kumwe n'umukuru w'Abanyepalestina i Ramallah

Prezida Obama yavuze ko Leta zunze ubumwe za Amerika n'ubu zigishigikiye ko haba igihugu ca Palestina cigenga kandi cifashe neza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bari kumwe n'umukuru w'abanyepalestina Mahmoud Abbas i Ramallah, yavuze ko inyishu iciye ku bihugu bibiri ku kibazo c'amatati hagati ya Israel na Palestina igoye cane ariko n'ubu igishoboka.

Yavuze ko umugambi abayahudi babandanije wo kwubaka amazu mu ntara bigaruriye z'abanyepalestina utafashije amahoro.

Prezida Abbas yavuze ko yasavye abanyeisraeli guharika kwubaka amazu kugira bashobore kuganira ibibazo n'imyitwarariko bihanze impande zompi.

Prezida Obama yavuze ko ministre wiwe ajejwe imigenderanire John Kerry azomaraga igihe kitari igito agerageza gufasha kugabanya ibibazo bitandukanya impande zompi.

Umukuru wa Leta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama yagendeye Ramallah mu ntara ya Cisojordania kugira avugane n'umukuru w'Abanyepalestina Mahmoud Abbas.

Acururuka kajugujugu Barack Obama yasanganiwe na Abbas aca amujana ku kirimba ciwe.

Mu rugendo rwiwe rwa mbere muri Israel nk'umukuru wa Amerika, presida Obama yasubiye kwemeza gushigikira Israel bikomeye.

Mu biganiro na ministre wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ku wa gatatu, abo bategetsi basubiye kwiyemeza kurondera inyishu ishingiye ku bihugu bibiri kugira intanmbara y'Abanyepalestina na Israel irangire.

Avugira Jerusalem, Obama yavuze ko kimwe mu bintu bihambaye vyotuma amahora arama aboneka mu karere k'ubuseruko bwo hagati ari uko hategerezwa kuba igihugu gikomeye kandi gitekanye c'Abayahudi aho imyitwararariko yaco y'umutekano ironka inyishu hamwe n'igihugu c'Abanyepalestina cigenga.

Obama yahuye n'umukuru w'abanyepalestina mu gihe abantu bashika 150 bari mu myiyerekano bagumijwe n'abapolisi kure y'ikirimba c'umukuru wabo.

Kimwe mu vyapa vyari vyamanitswe n'abari mu myiyerekano cari canditseko ngo:''Obama wemeye umwizero n'ibizohinduka,none waduhaye abigarurira intara zacu na aprtheid''.

Umunyamakuru wa BBC Jon Donnison avuga ko urugendo rwa muri Rammallah rushobora kuba ikorosi rigoye gukata mu gihe yavuze ko Amerika arico gihugu gishigikiye cane Israel kuruta ibindi.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.