Musharraf yagarutse muri Pakistan

Ibiherutse kuvugururwa: 24 ukwa gatatu, 2013 - 10:44 GMT

Pervez Musharraf ageze muri Pakistan

Umurwi w'abasirikare b'aba komando bafise ibirwanisho wasanze Musharraf ku kibuga c'indege ca Karashi, avuye Dubai.

Imyiyerekano yariyategekanijwe mur'uwo muji yasibijwe.

General Musharraf yitegurira kuyobora umugambwe wiwe mu matora yo mukwa gatanu.

Hagat'aho abasirikare 17 bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi mu buraruko bushira uburengero mw'ijoro ryakeye.

Umutwe w'aba Taliban uheruka gusohora amasanamu ya video, ugabisha Musharraf ko ashobora kwicwa arashwe canke ahitanywe n'igisasu c'umwiyahuzi.

General Musharraf akwirkiranwa ku birego vyinshi birimwo uruhara mu bwicanyi.

Ariko ku munsi wa gatanu yahawe n'ubutegetsi bwa Pakistan uburenganzira bwo kwidegenvya no gukingirwa.

Vyatumye ingingo yo gushoka afatwa agikoza ibirenge ku butaka bwa Pakistan ita agaciro.

Mu vyo arerwa harimwo ko yananiwe gukingira indongozi mu batavuga rumwe n'ubutegetsi Benazir Bhutto igihe yagaruka avuye mu buhungiro mu 2007.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.