Francois Bozize yahungiye muri Cameroun

Ibiherutse kuvugururwa: 25 ukwa gatatu, 2013 - 14:49 GMT
Francois Bozize, umukuru wa Centrafrique yatembagajwe

Francois Bozize, umukuru wa Centrafrique yatembagajwe

Leta ya Cameroun yamenyesheje ko yahaye ubuhungiro ku buryo bw'agateganyo umukuru w'igihugu kibanyi ca Centrafrique, Francois Bozize.

Ivyamenyeshejwe na Cameroun bikurikiye amakuru ya kare yavuga ko bwana Bozize ari muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Yategerejwe guhunga igihugu ciwe nyuma y'aho abitwaje ibirwanisho bafatiye umurwa mukuru Bangui ku munsi wa Mungu.

Umuryango w'ubumwe bwa Afrika wiyamirije iryo hirika ry'ubutegetsi, uca ufuta Centrafrique mu banyamuryango.

Afrika y'epfo yapfushije 13

Kare umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, yevuze ko abasirika b'ico gihugu bashika 13 bishwe, abandi hafi 30 barakomereka igihe bagerageza kubuza abarwanyi gufata ubutegetsi.

Nibo basirikare benshi Afrika y'epfo ipfushije mw'itana mu mitwe rimwe kuca ico gihugu cazamwo demokrasi mu 1994.

Afrika y'epfo yari yarungitse amajana y'abasirikare gufasha umukuru w'igihugu yaraye atembagajwe, Francois Bozize.

Abarwanyi bavuga ko bazogumizako ubutegetsi busabikanije, nk'uko vyumvikanywe mu mugambi w'amahoro washizweko umukono mu kwa mbere, ukaba kandi warashigikiwe na bwana Bozize.

Umuryango wiwe wahungiye muri republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.