Ntaganda yarengutse imbere ya sentare

Ibiherutse kuvugururwa: 26 ukwa gatatu, 2013 - 11:49 GMT

Bosco Ntaganda

Umucamanza yaciriye mw'ijambo Bosco Ntaganda, amusobanurira ko adakwiye kwiregura, kugeza abisabwe mu minsi iri imbere urubanza rwongeye gusasa.

Bwana Ntaganda yagirizwa ivyaha birimwo ubwicanyi, gufata abagore ku nguvu no gushira abana mu mirwi yitwaje ibirwanisho, mu gihe c'intambara yabaye mu buseruko bwa Congo, haraheze imyaka icumi.

Bubaye ubwa mbere Bosco Ntaganda agera imbere ya sentare kuva yitanze ku biro vy'uhagarariye Leta Zunze Ubumwe za Amerika iKigali.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.