Mandela yasubiye mu bitaro

Ibiherutse kuvugururwa: 28 ukwa gatatu, 2013 - 10:50 GMT
Mandela

Mandela agiye mu bitaro ubugira kane mu myaka ibiri

Uwahoze ari umukuru wa Africa y'Epfo Nelaon Mandela yasubiye mu bitaro kubera indwara yo mu mahaha yasubiye kumufata.

Itangazo ryo mu biro vy'umukuru w'igihugu ryamenyesheje ko Mandela,afise imyaka 94, yinjiye ibitaro imbere gato ya sa sita z'ijoro.

Mandela yaramaze iminsi 18 mu bitaro mu kwezi kwa 12 guheze ariko aravugwa amahahara n'utubuye ruza mu gasaho k'umukoyo.

Abonwa na benshi nka se w'igihugu kubera intanbara yagwanye wo kuvanaho intwaro mvanguramoko y'abazungu ya apartheid. Mandela yabaye umukuru wa Africa y'Epfo wa mbere w'umwirabure kuva mu 1994 guhika mu 1999.

Amagara yiwe amaze igihe atifashe neza.

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yabwiye BBC ko Mandela afise ubwenge kandi ariko aravurwa mu buryo bwiza bwose bushoboka.

Ariko umunyamakuru wa BBC avuga ko uburyo Mandela yajanywe mu bitaro bukwi na bukwi bishobora gutera amakenga.

Bugize kane Mandela aja mu bitaro mu kiringo c'imyaka ibiri.

Yatanguye kwandura igituntu mu myaja ya 1980 igihe yari apfungiwe mw'izinga rya Robben Island aho yamaze imyaka 18 kuri 27 yamaze mu munyororo. Amahaha yiwe bivuga ko yononekaye igihe yakora mu kinogo ibihero ryimbamwo anabuye.

N'ubwo yapfunzwe ico gihe cose, mandela yarababariye abahora ari abansi biwe aca asaba abanye Africa y'Epfo bose b'amaoko yose gukorera hamwe kandi bakarondera gusubiza hamwe.

Mu 1993 yarahawe agashimwe k'amahoro kitiriwe Nobel.

Mandela yasezeye ubuzima bwa politike mu 2004 kuva ico gihe akaba atasubiye kuboneka kenshi ahagaragara.

Aba Qunu, ikigwati gito co mu birimizi mu ntara ya Eastern Cape aho avuga ko yabaye iminsi yiwe myiza kuruta iyindi akiri umwana.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.