Uburusiya n'Ubushinwa bisaba Korea zombi kwigumya

Ibiherutse kuvugururwa: 29 ukwa gatatu, 2013 - 13:11 GMT
Igisasu ca misile ca Korea y'uburaruko

Igisasu ca misile ca Korea y'uburaruko

Ubushinwa n'Uburusiya vyasavye impande zombi zihanganye muri Korea kwigumya ngo ntihaduke intambara mbi cane.

Ivyo bisabwe nyuma y'aho umukuru wa Korea y'uburaruko, Kim Jong-un, ateguriye ibisasu vya misile birasa kure mu kwitegurira gutera ibirindiro vya Amerika, abanye Amerika nabo bakagurukana indege za B-2 zitera ibisasu, mu mwimenyereza muri Korea y'ubumanuko.

Uburisiya bwavuze ko ivyo bwise ibikorwa vy'uruhande rumwe, biriko biratuma haba ibikorwa vyinshi vy'igisirikare.

Korea y'uburaruko imaze kurungika ubutumwa bwinshi bugabira intambara, mu kwishura ku myimenyerezo ya gisirikare ya Amerika na Korea y'ubumanuko, hamwe n'ibihano bishasha vya ONU.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.