Abantu 20 nibo bamaze guhitanwa n'igorofa yaguye i Dar es Salaam

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa gatatu, 2013 - 13:57 GMT
Igorofa yasidutse i Dar es Salaam

Igorofa yasidutse i Dar es Salaam

Inzu y'igorofa yaguye yariko irubakwa mu muji wa Dar es Salaam muri Tanzania, bimaze kumenyekana ko yahitanye abantu 20.

Umwe mubari mu bikorwa vyo gutabara yabariye BBC ko abana batatu bari muri abo bitavye Imana.

Yavuze kandi ko ibikorwa vyo kurondera aboba bakiri bazima bikibandanya, ngo ariko bamaze guhebura ko hari uwo batora agihema.

Vyibazwa ko abantu barenga mirongo ibiri bakiri munsi y'ibihomoke vy'iyo gorofa.

Iyo gorofa yariko irubakwa muri district ya Kariakoo mu muji wa Dar es Salaam.

Abanyamakuru bavuga ko ubutunzi bwa Tanzania buriko buratera imbere, bwatumye hubakwa amazu menshi, ariko umuvuduko ariko arubakwamwo ugatera impungenge ku bukomezi bwayo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.