Papa yasavye ko haba amahoro kw'isi

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa gatatu, 2013 - 12:41 GMT
Papa Francis

Papa Francis

Papa Francis yakoresheje ubutumwa bwiwe bwa Pasika mu gusaba ko haba amahoro kw'isi.

Mw'ijambo ryaciye kuri vyinshi yashikirije ibihumbi vy'abantu mu kibanza citiriwe umweranda Petero, Papa mushasha yasavye ko haboneka umuti uciye mu biganiro ku kibazo co muri Korea.

Yanavuze kandi kw'itana mu mitwe riri hirya no hino mu burasirazuba bwo hagati no muri Afrika.

Yaniyamirje kandi icuruzwa ry'abantu, ubwicanyi bufatiye kw'idandaza ry'ibiyovyabwenge ridaciye mu mategeko, hamwe no kuyogeza ubutunzi kama bw'isi.

Papa Francis yasavye ko abantu boba ico yise abarinzi b'ivyaremwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.