Cyprus:umushikiranganji w'imari yeguye

Ibiherutse kuvugururwa: 2 ukwa kane, 2013 - 13:35 GMT

Abantu batonze imbere ya banke ya Chypre

Ingingo Chypre yemejwe n'amahanga zayigaruriye ku manga ku bukene bw'amafaranga, no ku kibazo co kuva mu karere gakoresha ifaranga rya euro.

Bwana Sarris nti yari bwakwize ukwezi mur'ayo mabanga, kandi icatumye akura meza nticamenyeshejwe.

Yaraneguwe cane ku buryo yigenjeje mu biganiro n'abashaka gufasha kuramira ubutunzi bwa Chypre.

Ibinyamakuru vyo mu gihugu bivuga ko uwukekwa guca amusubirira ari umushikiranganji w'akazi Haris Georgiades.

Umukruu w'igihugu Nicos Anastasiades yar'amaze kugena umurwi w'abacamanza bajejwe gutohoza icatumye Chypre ihakwa kurwa mu kaga k'amafaranga.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.